Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Harry na Meghan bapfunditse indagano zo kubana
Umuganwa Harry n'umupfasoni Meghan Markle bahejeje guhezagigwa nk'umugabo n'umugore mu birori biriko bibera mu misa mw'isengero rya St George rya Windsor.
Abo bakunzi baraganye bongera bambikana impeta imbere y'umwamikazi n'abatumire 600.
Meghan yari yambaye ikanzu yashonywe n'umwongereza Clare Waight Keller igihe yasanganigwa n'umuganwa Charles mu kibanza ca se.
Muri iryo sengero rya St George, uretse abatumire hariyo n'abo mu muryango w'ibwami bahashitse kare.
Abatumire bashika 600 barimwo Oprah Winfrey, George na Amal Clooney, David na Victoria Beckham na Sir Elton John.
Hagataho umuganwa Harry yashitse Windsor Castle, hamwe n'umuhagarikizi wiwe umuganwa William.
Meghan azoba ari kumwe na nyina wiwe Doria Ragland gusa muri ubwo bugeni, mu gihe se Thomas akitswe n'amagara.
Abatumire bakomakomeye barimwo umupfasoni afise ibiganiro bica ku mboneshakure muri Amerika, Oprah Winfrey n'umukinyi akomeye w'isinema wo mu Bwongereza Idris Elba baja bamaze gushika kw'isengero.
Umwamikazi na mugenzi we ariko aratora mitende nibo bashitse ubwa nyuma.
Isengero ryateguriwe urwo rubanza ryasharijwe mu bwinjiriro n'imbere.
Abashitsi, abatumire hamwe n'abarorerezi baje mu rubanza bashajije umwumwe wese ukwo avyiyumvamwo.