Mu Burundi hatsinze "ego" canke "oya"? Bimenyekana uno munsi.

Ibiharuro vy'agateganyo vyerekana ko "ego" iri imbere cane ya "oya"
Insiguro y'isanamu, Ibiharuro vy'agateganyo vyerekana ko "ego" iri imbere cane ya "oya"

Abajejwe guharura amajwi mu matora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ry'u Burundi bavuga ko ivyavuye mu matora bishobora kumenyekana uno munsi.

"Ego" iramutse itsinze, nk'uko ibiharuro vy'agatekano bisa n'ibivyerekana, Prezida Pierre Nkurunziza ashobora kuguma ku butegetsi iyindi myaka 14, nyuma y'amatora yo mu 2020.

Ariko hari amakuru avuga ko hari abantu boba barabwirijwe uko batora, naho BBC itarashobora kuyatohoza ku giti cayo.

Prezida Pierre Nkurunziza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibwirizwa shingiro rihinyanyuye niritorwa, Prezida Nkurunziza ashobora kuzoguma ku butegetsi gushika mu 2034

Abatavuga rumwe na leta bayagiriza gushaka guhindura ibwirizwa shingiro kugira umugambwe CNDD FDD wihebere ubutegetsi.

Ariko leta yoyo ivuga ko iri bwirizwa shingiro rihinyanyuye, rizotuma abarongozi bashobora gufata ingingo zifitiye akamaro igihugu ata nkomanzi.

Amatora y'ejo yagenze neza muri rusangi mu gihugu cose, kandi ababikurikiraniye hafi bavuga ko yitabiriwe cane.