Guharura amajwi vyatanguye muri kamarampaka mu Burundi

Icerekezo c'ukuntu amatora yagenze gishobora kumenyekana mw'ijoro ry'uno munsi
Insiguro y'isanamu, Icerekezo c'ukuntu amatora yagenze gishobora kumenyekana mw'ijoro ry'uno munsi

Abajewe gutunganya amatora bo mu mugwi CENI batanguye igikorwa co guharura amajwi mu matora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi rihinyanyuye yabaye uno munsi.

Hirya no hino mu gihugu aho abanyamakuru ba BBC bashoboye gushika, amatora yagenze neza muri rusangi, kiretse utugorane tumwe tumwe twavuzwe.

Uruja n'uruza mu gisagara ca Bujumbura rwari rwagabanutse kandi amaduka amwe amwe yugawe mu gihe gutora kwariko kuraba.

Ivyavuye mu matora bishobora gutangura kumenyekana mu masaha ari imbere, ariko ivyayavuyemwo vy'ukuri bizomenyekana mu ntango z'indwi iza.

Prezida Pierre Nkurunziza
Insiguro y'isanamu, Prezida Pierre Nkurunziza avuga ko abanyagihugu ari bo bazokwemeza canke ngo bahakane ibwiriza shingiro rihinyanyuye

Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yigishije gutora "ego" muri ano matora, avuga ko iri bwirizwa shingiro rizotuma abarongozi barangura ivyo bajejwe ata nkomanzi.

Pierre Nkurunziza be n'umutambukanyi wiwe batoreye mu ntara ya Ngozi, aho uwo mukuru w'igihugu asanzwe avuka.

Yagize ati: "Ukuri ni kumwe gushikirizwa n'abenegihugu bagiye gutora. Ntawobuza abantu guhakana canke kwemera."

"Kubwiriza abantu uko batora"

Umukuru w'urunani Amisezera y'Abarundi rutavuga kumwe na leta y'u Burundi, Agathon Rwasa, nawe yatoreye mu ntara ya Ngozi.

Umukuru w'urunani Amizero y'Abarundi, Agaton Rwasa
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'urunani Amizero y'Abarundi, Agaton Rwasa, avuga ko abantu babwirijwe gutora ibitari ku mutima

Bwana Rwasa yigishije gutora "oya", kandi akavuga ko ata kuntu "ego" yotsinda.

Agathon Rwasa yagize ati: "Nta kuntu 'ego' yotsinda Abarundi batoye ico umutima wabo ushaka. Benshi babwirijwe gutora ivyo batipfuza."

Nayo urunani rw'abatavuga rumwe na leta, CENARED, rugizwe ahanini n'abanyepolitike bari hanze y'u Burundi, rwahimirije abanyagihugu kutitaba amatora y'uno munsi.

CENARED ivuga ko iri bwirizwa shingiro rihinyanyuye, rije guhindura ubusa amasezerano y'amahoro ya Arusha, yashizweko umukono mu 2000.

I Bujumbura abotora bari biganjemwo abakiri bato
Insiguro y'isanamu, I Bujumbura abotora bari biganjemwo abakiri bato

Amatora asa n'ayitabwe cane

Vyari vyitezwe ko Abarundi bashika hafi imiriyoni zitanu bitaba amatora y'uno munsi, kandi ababikurikiranye bavuga ko vyagaragara ko yitabwe cane.

Mu mihingo myinshi abantu bazindukiye gutora, eka mbere hakaba hari n'abashitse ku biro vy'amatora isaha icenda z'igitondo.

Mu gisagara ca Bujumbura abatora bari biganjemwo abakiri bato, amabarabara akaba yari arimwo agacerere kadasanzwe.