Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi hatsinze "ego" canke "oya"? Bimenyekana uno munsi.
Abajejwe guharura amajwi mu matora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ry'u Burundi bavuga ko ivyavuye mu matora bishobora kumenyekana uno munsi.
"Ego" iramutse itsinze, nk'uko ibiharuro vy'agatekano bisa n'ibivyerekana, Prezida Pierre Nkurunziza ashobora kuguma ku butegetsi iyindi myaka 14, nyuma y'amatora yo mu 2020.
Ariko hari amakuru avuga ko hari abantu boba barabwirijwe uko batora, naho BBC itarashobora kuyatohoza ku giti cayo.
Abatavuga rumwe na leta bayagiriza gushaka guhindura ibwirizwa shingiro kugira umugambwe CNDD FDD wihebere ubutegetsi.
Ariko leta yoyo ivuga ko iri bwirizwa shingiro rihinyanyuye, rizotuma abarongozi bashobora gufata ingingo zifitiye akamaro igihugu ata nkomanzi.
Amatora y'ejo yagenze neza muri rusangi mu gihugu cose, kandi ababikurikiraniye hafi bavuga ko yitabiriwe cane.