Ubushakashatsi: Abapfasoni bo mu Rwanda na Kenya ni bo bazoramba cane mu karere ka Afrika y'ubuseruko

Abapfasoni

Ubushakashatsi bwerekana ko abapfasoni bo mu Rwanda na Kenya ni bo vyitezwe ko bazoramba gusumba abandi bapfasoni n'abagabo bo mu bihugu vya Afrika y'ubuseruko.

Imyaka umupfasoni w'umunyarwandakazi abaho ubu ni 69.3, Kenya na ho ni 69.0.

Muri Uganda na ho, imyaka yo kubaho y'abagabo yarongerekanye cane mu kiringo c'imyaka cumi iheze, aho yaduze gushika ku myaka 13.5.

Mugihugu ca Tanzania, imyaka isanzwe yo kubaho ku bapfasoni gushika mu 2016, yari 66, hakaba hiyongereyeko imyaka 10 ugereranije no mu 1990 nk'uko biri mucigwa cakozwe n'igisata kijewe gupima imitima mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu mu 2016, bafashijwe n'ikigo kijejwe ibiharuro.

Ku bagabo, imyaka yo kubaho yari 62.6 gushika mu 2016 ugereranije n'imyaka 53.7 mu 1990. Ugereranije, imyaka yo kubaho ku batanzania yarongerekanye gushika ku myaka icumi gushika ubu kuva mu 1990.

Muri Kenya, imyaka yo kubaho ku bapfasoni yarongerekanye iva ku myaka 62.6 mu 1990 ija ku 69 mu 2016, hakaba hiyongeyeko imyaka 6. Ariko ku bagabo bavuye ku myaka 60.2 gushika ku 64.7 , n'ukuvuga ko hiyongereyeko imyaka 4.5 gusa.

Muri Uganda, imyaka yo kubaho ku bapfasoni ubu ni 64.7 (bakaba banganya n'imyaka yo kubaho y'abagabo muri Kenya), abagabo na bo ikaba ari imyaka 59.8.

Iyo myaka yagiye iriyongera kuri buri gitsina mu myaka cumi iheze kuko mu 1990, imyaka yo kubaho ku mupfasoni muri Uganda yari 52.1 ku bagabo na ho yari 46.3.

Ubu mu bisanzwe, buri mupfasoni maze kuronka ikibondo muri ico gihugu, avyara abana 4.7 ugereranije n'abana 3.7 kuri buri mupfasoni wo muri Kenya.

Muri rusangi amafaranga umunyagihugu wa Tanzania aronka buri mwaka gushika mu mwaka uheze, ni amadolari 2.516, ariko yari 2.925, bakaba barushanya amadoli 409.

Uganda aho amahera umunyagihugu aronka buri mwaka ari amadolari 1.838, buri mupfasoni yibaruka abana 5.6.