Korea ya Ruguru yarekuye abanyororo batatu ba Amerika

Igihugu ca Korea ya ruguru capfunguye abanyamerika batatu bari bagizwe imbohe muri ico gihugu, nkuko umukuru w'igihugu wa Amerika Donald Trump yanditse kuri Twitter.

Iyo ngingo y'ico gihugu ngo yerekana ishaka ry'ico gihugu ry'ukwo ibintu vyoja mu buryo, na burya himirije umubonano hagati ya Bwana Trump n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Bwana Trump yavuze ko azoramutsa abo bagabo batatu barekuwe, igihe bazoba bashitse bari kumwe n'umushikiranganji Mike Pompeo, yari mu rugendo i Pyongyang ateguza ibiganiro vyimirije.

Kim Hak-song, Tony Kim na Kim Dong-chul bari bapfunzwe bagirizwa ibikogwa bigwanya igihugu, bashigwa mu makambi y'abakoreshwa.

Bwana Trump yatangaje irekugwa ry'abo bagabo ku buryo bwa Twitter ku munsi wa gatatu.

"Basa n'abafise amagara meza," niko yanditse, yongera avuga ko itariki hamwe n'ikibanza vy'inama yo guhura na Kim Jong-un vyashinzwe.

Bwana Trump yabandanije avuga ko azoja gusanganira abo bagabo ku kibuga c'indege ca gisirikare Andrews Air Force Base ku munsi wa kane.

Umwe muri abo banyororo yapfunzwe mu 2015, abandi babiri bari bamaze umwaka urenga mw'ibohero.

Ipfungwa ryabo ryariyamirijwe, abantu bakavuga ko bapfungiwe imvo za politike, ko agateka kabo kahonyanzwe.

Ikibazo c'abapfunzwe kiri muvyo imigwi ibiri yategerezwa kubanza kwumvikanako, imbere y'iyo nama itegekanywa.