Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwurongoye CIA Mike Pompeo yaragize urugendo rwo mw'ibanga muri Korea ya ruguru
Uwurongoye ikigo kijejwe iperereza muri Amerika, Mike Pompeo yaragize urugendo mu gisagara ca Pyongyang mu nama yo mw'ibanga na prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong Un, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.
Iyo nama yari ifise intumbero yo gutegura umubonano hagati ya prezida Donald Trump na Kim Jong Un yabaye mu mpera z'iyinga ya pasika, nk'uko bivugwa n'abategetsi batavuzwe amazina.
Trump yari yemeye ko habaye ibiganiro vyo rwego rwo hejuru na Pyongyang.
Ariko uwo mubonano wo mw'ibanga utari witezwe ni wo wo mu rwego rwo hejuru hagati ya Amerika na Korea ya ruguru kuva mu mwaka wa 2000.
"Twaragiriraniye ibiganiro vy'amaso mu yandi, ku rwego rwo hejuru", ni ko Trump yavuze mu ntara ya Florida ao yariko arabonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe.