Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kim Jong-un yavuze ko Trump "azishura" ku majambo yashikirije
Kim Jong-un yavuze ko amajambo yashikirijwe na Prezida wa Amerika Donald Trump "yataye umutwe" ko vyatumye abona ko bikwiye kwakorera Korea ya Ruguru ibigwanisho yongera avuga ko azoyishura.
Umukuru w'igihugu wa Amerika yavuze ku munsi wa kabiri ko Amerika ni hagera aho yigwanira, ko "izosambura burundu" Korea ya Ruguru.
Bwana Trump yise Bwana Kim "rocket man" (umugabo w'amaroketi) afise "umugambi wo kwiyahura".
Ivyo bihugu ukwo ari bibiri bimaze amezi biterana amajambo.
Korea ya Ruguru yaragerageje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile", igerageza ikigwanisho co mu bwoko bwa "nucléaire" naho amakungu yavyiyamiriza.
Umushikiranganji w'imigenderanire ya Korea ya Ruguru Ri Yong-ho, yagereranije ijambo rya Bwana Trump nk' "ijwi ry'imbwa ikuga", avuga ko Pyongyang izogerageza bombe ya "hydrogène" mw'ibahari rya Pacifique ngo yishure kw'iterabwoba rya Amerika.
"Ico kibombe "H-bomb" ni caturikira muri Pacifique, urwamo rwaco ntaco bizoba bingana," niko Bwana Ri yavuze, ku bw'ikinyamakuru Yonhap.
Ariko yongeye ati: "Nta wuzi neza ibizokogwa, mu gihe bizotegekwa n'indongozi Kim Jong-un."