Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Trump yakomeje ibihano kuri Korea ya Ruguru
Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yashize umukono ku tegeko bwirizwa rikomeza ibihano kuri Korea ya Ruguru ku bijanye n'umugambi wayo wa "nucléaire".
Uwujejwe ikigega ca Amerika yahawe uburenganzira bwo kurondera amashirahamwe hamwe n'ibigo bigikorana urudandazwa na Korea ya Ruguru.
Umukuru w'igihugu yavuze kandi kw'ibanki nkuru y'Ubushinwa yamaze kubwira izindi banki guhagarika gukora ubudandaji na Pyongyang.
Ivyo bishize ata ndwi zibiri ziheze inyuma yaho Onu yemeje ibihano bishasha kuri ico gihugu bitewe n'igerageza rya nyuma ry'igisasu ca "nucléaire".
Uruhagarara rwariyongeye muri zino ndwi ziheze igihe Korea ya Ruguru yagerageza "missiles" zigera kure, ibihugu vy'ibihangange bivyiyamiriza.
Ashikiriza iryo tegeko rishasha ku munsi wa kane, Prezida Trump avuga ko izo ngingo zifise intego yo "guhagarika amasoko yose y'amahera Korea ya Ruguru ironka ica yifashisha gukora ibigwanisho ruhonyanganda".
Yavuze ibisata bigiye gukogwako n'ivyo bihano, nk'ihinguriro ry'impuzu rya Korea ya Ruguru, igisata c'uburovyi, igisata c'itumanako hamwe n'amahinguriro.
Donald Trump yiyemeje "gusambura" iya Ruguru mu gihe yoba ibangamiye Amerika n'ibihugu bigenzi vyayo, ivyo akaba yabivuze mw'ijambo ryiwe rya mbere yashikirije mw'ikoraniro rya Onu ku munsi wa kabiri.