Korea ya Ruguru yarekuye abanyororo batatu ba Amerika

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu Mike Pompeo ahura n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu Mike Pompeo ahura n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un

Igihugu ca Korea ya ruguru capfunguye abanyamerika batatu bari bagizwe imbohe muri ico gihugu, nkuko umukuru w'igihugu wa Amerika Donald Trump yanditse kuri Twitter.

Iyo ngingo y'ico gihugu ngo yerekana ishaka ry'ico gihugu ry'ukwo ibintu vyoja mu buryo, na burya himirije umubonano hagati ya Bwana Trump n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Bwana Trump yavuze ko azoramutsa abo bagabo batatu barekuwe, igihe bazoba bashitse bari kumwe n'umushikiranganji Mike Pompeo, yari mu rugendo i Pyongyang ateguza ibiganiro vyimirije.

Kim Hak-song, Tony Kim na Kim Dong-chul bari bapfunzwe bagirizwa ibikogwa bigwanya igihugu, bashigwa mu makambi y'abakoreshwa.

Bwana Trump yatangaje irekugwa ry'abo bagabo ku buryo bwa Twitter ku munsi wa gatatu.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

"Basa n'abafise amagara meza," niko yanditse, yongera avuga ko itariki hamwe n'ikibanza vy'inama yo guhura na Kim Jong-un vyashinzwe.

Tony Kim yafotowe mu 2016 mu ntara ya Californie

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Tony Kim yafotowe mu 2016 mu ntara ya Californie

Bwana Trump yabandanije avuga ko azoja gusanganira abo bagabo ku kibuga c'indege ca gisirikare Andrews Air Force Base ku munsi wa kane.

Umwe muri abo banyororo yapfunzwe mu 2015, abandi babiri bari bamaze umwaka urenga mw'ibohero.

Ipfungwa ryabo ryariyamirijwe, abantu bakavuga ko bapfungiwe imvo za politike, ko agateka kabo kahonyanzwe.

Ikibazo c'abapfunzwe kiri muvyo imigwi ibiri yategerezwa kubanza kwumvikanako, imbere y'iyo nama itegekanywa.