Korea ya ruguru yahagaritse kugerageza ibisase vy'ubumara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yahagaritse igeragezwa ry'ibisase vyose kandi agiye no kwugara ahahora hageragerezwa ibirwanisho vy'ubumara.
Itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu ryavuze ko "Kuva itariki 21 z'ukwezi kwa kane, Korea ya ruguru izohagarika igeragezwa ry'ibigwanisho vy'ubumara hamwe na misile zirasa ku yindi migabane."
Kim yavuze ko irindi gerageza ridakenewe kubera ko ubushobozi bwa Korea ya ruguru bwo gukoresha ibigwanisho vy'ubumara "bwarasuzumwe neza".
Iryo tangazo ritari ryitezwe rije mu gihe Korea ya ruguru iriko iritegurira ibiganiro bizoyihuza na Korea y'epfo hamwe na Amerika.
Vyitezwe ko Kim ahura na mugenzi we wa Korea y'epfo Moon Jae-in mu ndwi iza, mu mubonano wa mbere ubaye mu myaka 10, na prezida wa Amerika Donald Trump mu kwezi kwa gatandatu.

Ivyo bihugu vyose vyagumye bihamagarira Korea ya ruguru guheba ibigwanisho vy'ubumara, kandi yaravyemeye uravye utwigoro imaze imisi igira.
"Iyi ni inkuru nziza kuri Korea ya ruguru hamwe n'amakungu- intambwe ibineka!" Uko ni ko prezida Trump yanditse kuri Twitter.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Ku musi wa kane, prezida wa Amerika yavuze ko " hari inzira nziza kuri Korea ya ruguru mu gihe yoheba ibigwanisho vy'ubumara".
Umuvugizi wa prezida wa Korea y'epfo yavuze ko ivyo Korea ya ruguru yakoze ari "intambwe ishimishije".
Itangazo rya Moon rivuga ko "Bizonafasha ko haba icuka ciza mu biganiro vyimirije hagati ya Korea y'epfo n'iya ruguru hamwe na Korea ya ruguru na Amerika".











