Koreya ya ruguru "ntikoreshwa n'ubwoba bw'ibihano ifatirwa"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Koreya ya ruguru yavuze ko Amerika yihenda mu kwibaza ko yemeye kuganira ku mugambi wayo w'ibirwanisho ruhonyanganda, kubera ibihano yafatiwe n'amakungu.
Mu rwandiko, ubushikiranganji bwa Koreya ya ruguru bw'imigendanire n'amakungu bwagirije Amerika kuba ihenda abantu ngo kandi ivyo Pyongyang yakoze ntibikwiye gufatwa nk'ikimenyetso c'intege nkeyi.
Ico gihugu kandi ciyamirije Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku kuntu zarungitse ibikoresho vya gisirikare muri Koreya, ngo bikerekana ko Amerika iriko irasotorana n'ibigirankana.
Imigenderanire hagati y'ibihugu vyombi yaseye n'iyoroha muri ino minsi mu gihe hitezwe umubonano hagati ya Prezida Trump na Kim Jong-un.






