Korea zose na Amerika bimirije inama muri Finlande

Ahavuye isanamu, AFP
Intumwa za Korea ya Ruguru, iza Korea Yepfo na Amerika bitezwe kugirana ibiganiro mu gihugu ca Finlande mu minsi iza.
Bikekwa ko bazoganira ku bijanye n'inama hagati ya Prezida Donald Trump n'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un.
Amakuru yerekeye iyo nama ya Finlande yatanguye guseruka igihe umutegetsi akomeye wa Korea ya Ruguru abonywe i Beijing yurira indege igiye Helsinki.
Yitezwe guhura n'abakozi bari mu buserukizi bwa Amerika hamwe n'abahinga ba Korea Yepfo mu vy'umutekano.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Korea ya Ruguru amaze iminsi itatu abonana n'abantu muri Suède.






