Korea ya Ruguru iripfuza ibiganiro na Amerika

Ahavuye isanamu, AFP
Igihugu ca Korea ya Ruguru kiripfuza kugirana ibiganiro na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, niko Korea Yepfo yavuze.
Ivyo bishikirijwe inyuma yaho Jenerali Kim Yong-chol ahuriye na Prezida wa Korea Yepfo Moon Jae-in, imbere y'ibirori vyo gusozera inkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi.
Umukobwa wa Prezida Donald Trump wa Amerika, Ivanka, ari muri ivyo birori, ariko ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ko ata nama itegekanijwe n'intumwa za Korea ya Ruguru.
Amerika ivuga ko Korea ya Ruguru yivanye mu mubonano n'icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence, igihe c'ibirori vyo gutanguza inkino.
Ubutaka bwa Korea bwagabuwe mu ngwano yo 1950-53, kandi ibihugu ukwo ari bibiri ntibirigera vyumvikana ku masezerano y'amahoro.
Abahinga bavuga ko ibiriko biraba bidashobora kurangiza uruhagarara rwari ruhasanzwe, rwatewe n'igerageza ry'ibigwanisho ruhonyanganda na "missiles", rikogwa na Korea ya Ruguru.
Jenerali Kim yagirizwa kuba inyuma y'ibitero vyo ku bwato bw'ingwano Cheonan n'ico kw'izinga rya Yeonpyeong mu 2010, vyatumye abantu 46 ba Korea Yepfo bapfa.
Igihe ashika muri Korea Yepfo, imiryango y'abapfuye ico gihe hamwe na bamwe mu bashingamateka, barondera kumubuza kwinjira mu gihugu.
Ariko leta ya Korea Yepfo yakeje urugendo rwiwe.
Nkuko ibiro vya Bwana Moon vyabishikirije, Korea ya Ruguru "iripfuza cane" kugirana ibiganiro na Amerika.
Bibandanya bivuga ko Korea ya Ruguru "yemeye ko ibiganiro hagati ya Korea zose hamwe n'imigenderanire hagati y'iya Ruguru na Amerika vyoj'imbere igihe kimwe".
Pyongyang ntaco irabivugako ariko yavuze kenshi ko yipfuza ibiganiro ataco irinze gusaba.










