Prezida wa Irani yagabishije Amerika bimwe bikomeye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, yagabishije Amerika ko niyaheba amasezerano ku vy'inguvu za nucleaire, izovyicuza ku buryo butari bwabaho muri kahise kayo.
Prezida Trump asigaje iminsi mike kugira atangaze niba azoheba ayo masezerano, amaze kuvugako nabi inshuro nyinshi.
Bwana Rouhani yavuze ko Irani ifise imigambi yo guhangana n'ico Amerika yokora, ariko ntiyavuze neza na neza ico Irani izokora.
Abandi bashize umukono kuri ayo masezerano, barimwo Ubufaransa n'Uburusiya, babandanya kuyashigikira.
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Boris Johnson, yagiye i Washington mu biganiro vyo kugerageza kwumvisha ubutegetsi bwa Trump ngo ntibuve muri ayo masezerano.






