Roma isaba ikoresha rya "video" inyuma yaho ikuriwemwo na Liverpool

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida w'umugwi AS Roma James Pallotta avuga ko kuzoba nko gupfyina igihe uburyo bwo gukurikirana inkino na "video" butoba bushizwe mw'ihiganwa Champions League inyuma yaho bakuriwemwo na Liverpool ku wa gatatu.
Uwo mugwi ukina mw'ihiganwa rya Serie A watsinzwe ku bitsindo 7-6 inkino zose ariko wari watsinze 4-2 mu rukino rwo kuwa gatatu i Roma.
Bwana Pallotta avuga ko umugwi wiwe warukwiye guhabwa penaliti zibiri.
"Ndazi ko bigora abasifuzi ariko birababaje ko dutsindwa gurtyo," niko yavuze.
"Ntupfa kureka ibintu nkibi ngo bishike."
Edin Dzeko yaragwishijwe n'umunyezamu wa Liverpool Loris Karius, haheze akanya uwo musatirizi wa kera wa Manchester City abeshegwa ko yakiniye imbere y'abandi (offside).
Haheze iminota Trent Alexander-Arnold yarakoze umupira n'amaboko ariko ako karyo ko kwinjiza karimwa abakiriye abashitsi.

Pallotta abandanya ati: "Urashobora kuvyirabira. Ku munota wa 49 ntiyari offsise kandi yongera agwishwa hasi n'umunyezamu."
"Yarakoze uwo mupira n'ukuboko kandi nta muntu numwe atovyemeza kw'isi kiretse abari ku kibuga. Hategerezwa gutangwa ikarata itukura, kandi haca hasigara abakinyi 10 kuva ku munota wa 63.
"Ni batatunganya uburyo bwa video, VAR muri Champions League, kuzoba ari ugupfyina."

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko abakinyi biwe bakinye nk'"abasazi" mu nkino batsinzemwo Roma 7-6, zatumye baronka itike yo kuja mu rukino rwa nyuma "finale" rwa Champions League.
Aba Reds batsinzwe 4-2 mu rukino rwa kabiri i Roma ku mugwa mukuru w'Ubutaliyano, ariko bakaba babandanije bazohura muri "finale" na Real Madrid i Kiev muri Ukraine itariki 26 Ukwezi kwa gatanu.
Klopp avuga ko urukino rwari ruryoshe cane uko ataravyiteze.










