Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu bashika 100 bapfuye kubera imvura mu Buhindi
Niburiburi abantu 95 bapfuye abandi benshi barakomereka bahitanywe n'ivyondo vy'imvura mu buraruko bw'Ubuhindi mu ntara za Uttar Pradesh na Rajasth.
Iyo mvura yaguye ku munsi wa gatatu yatumye umuyagankuba ucika, irandura ibiti, yonona amazu yongera yica n'ibitungwa.
Benshi mu bapfuye bari baryamye igihe inzu barimwo zibagwako inyuma y'imituragaro.
Ivyondo biragwiriye cane muri ako gace k'Ubuhindi igihe c'ici ariko nta bantu bangana uku bari bwapfe.
Abantu 64 bapfuye i Uttar Pradesh, murabo 43 bapfa muri komine ya Agra, ubutegetsi bukavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.
Ibiti bigwa hamwe n'impome ngo nivyo ahanini vyishe abantu.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Yogi Adityanath, yasavye ubutegetsi gukurikirana ibikogwa vy'ubutabazi.
Uwujejwe ivyo bikogwa mu gihugu, Sanjay Kumar yabwiye PTI ko leta yipfuza icegeranyo kirambuye c'ingene ibintu vyifashe muri izo komine.
Leta yatangaje ko imiryango y'abapfuye izoronka impiya 400000 ($6000) y'agashumbusho.
Uno mugabo wo muri Agra yatabawe akugwa mu bihomoka vy'inzu.
"Maze imyaka 20 nkorera hano, nta bintu bibi nk'ibi nari bwabone," niko Hemant Gera, umunyamabanga ajejwe impanuka no gutabara i Rajasthan, yabwiye BBC.
Yavuze ko hari imigwi iriko iragerageza kugarukana umuyagankuba mu mazu, inyuma yaho ibiti biri hagati ya 200 na 300 biguye kubera iyo mvura y'isegenya.
Iyo mvura ngo yarashitse no ku mugwa mukuru Delhi ku munsi wa gatatu ku mugoroba, ku birometero 100.