Abantu bashika 100 bapfuye kubera imvura mu Buhindi

Iyo mvura y'isegenya yatandukiriye komine zitatu zo mu ntara ya Rajasthan, hamwe n'uduce twa Uttar Pradesh

Ahavuye isanamu, PTI

Insiguro y'isanamu, Iyo mvura y'isegenya yatandukiriye komine zitatu zo mu ntara ya Rajasthan, hamwe n'uduce twa Uttar Pradesh

Niburiburi abantu 95 bapfuye abandi benshi barakomereka bahitanywe n'ivyondo vy'imvura mu buraruko bw'Ubuhindi mu ntara za Uttar Pradesh na Rajasth.

Iyo mvura yaguye ku munsi wa gatatu yatumye umuyagankuba ucika, irandura ibiti, yonona amazu yongera yica n'ibitungwa.

Benshi mu bapfuye bari baryamye igihe inzu barimwo zibagwako inyuma y'imituragaro.

Ivyondo biragwiriye cane muri ako gace k'Ubuhindi igihe c'ici ariko nta bantu bangana uku bari bwapfe.

Abantu 64 bapfuye i Uttar Pradesh, murabo 43 bapfa muri komine ya Agra, ubutegetsi bukavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Imvura yaguye yaranduye n'ibiti
Insiguro y'isanamu, Imvura yaguye yaranduye n'ibiti
Benshi mu bapfuye baguweko n'inzu zibomotse

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Benshi mu bapfuye baguweko n'inzu zibomotse

Ibiti bigwa hamwe n'impome ngo nivyo ahanini vyishe abantu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Yogi Adityanath, yasavye ubutegetsi gukurikirana ibikogwa vy'ubutabazi.

Uwujejwe ivyo bikogwa mu gihugu, Sanjay Kumar yabwiye PTI ko leta yipfuza icegeranyo kirambuye c'ingene ibintu vyifashe muri izo komine.

Leta yatangaje ko imiryango y'abapfuye izoronka impiya 400000 ($6000) y'agashumbusho.

Uno mugabo yakuwe mu bihomoka vy'inzu i Agra

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uno mugabo yakuwe mu bihomoka vy'inzu i Agra

Uno mugabo wo muri Agra yatabawe akugwa mu bihomoka vy'inzu.

"Maze imyaka 20 nkorera hano, nta bintu bibi nk'ibi nari bwabone," niko Hemant Gera, umunyamabanga ajejwe impanuka no gutabara i Rajasthan, yabwiye BBC.

Yavuze ko hari imigwi iriko iragerageza kugarukana umuyagankuba mu mazu, inyuma yaho ibiti biri hagati ya 200 na 300 biguye kubera iyo mvura y'isegenya.

Iyo mvura ngo yarashitse no ku mugwa mukuru Delhi ku munsi wa gatatu ku mugoroba, ku birometero 100.