Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kanye West avuga ko abagizwe abaja ari bo babishatse
Ayo majambo y'uwo muririmvyi wa Rap yavuze ko abanyafrika bagizwe abaja n'abanyamerika mu myaka ijana iheze ari bo babishatse.
'Wumvise ko abantu bagizwe abaja mu myaka irenga 400...imyaka amajana ane? Ni nk'uko ari bo babishatse', ni ko yavuze ku rubuga rwo kwinezereza rwa TMZ.
Uwo muririmvyi rurangiranwa yaravuzwe cane mu bimenyeshamakuru kubera yamenyesheje ko ashigikiye Donald Trump.
Abirabure bakuwe ku nguvu muri Afrika bajanwa muri Amerika mu kinjana ca 17, 18 na 19 aho bagurishijwe nk'abaja.
West mu nyuma yatanze ubumwa kuri Twitter avuga ko batamutegereye neza kandi ko yavuze ku myaka 400 kubera 'ivyiyumviro vyacu' bidashobora gufungwa iyindi myaka 400.
Mu kiganiro na TMZ, West yavuze ko duhitamwokuba abaja, ibintu vyashavuje cane umukozi umwe w'umwirabure akorera iyo kompanyi.
Lathan yavuze ko amajambo y'uwo muririmvyi biboneka ko yayavuze atiyumviriye.
"Urafise uburenganzira bwo kwemera ikintu cose ushatse, ariko umenye ko hari ukuri muri iyi si y'ubu n'ingaruka ku kintu cose uba uvuze". ni ko yongeyeko ariko yiyaga mu bwanwa.
"Ni ngombwa duhangane n'ihohoterwa ryatewe n'imyaka 400 y'ubuja wavuze ko abirabure ari bo bavyishakiye, ni ko Lathan yabandanije avuga, yongerako ko " nababajwe na mwenewacu, nababajwe n'uko wewe wavuze ibintu bitari vyo".
Mu kiganiro na TMZ , West yavuze ko Trump ari umugenzi wiwe kandi ko uwo muprezida ari mu bantu akunda cane.
Ayo majambo yatumye haba agashavu ku mbuga ngurukanabumenyi mu gihe abakoresha Twitter bavuze ko uwo muririmvyi rurangiranwa akeneye gusoma bushasha ibitabo vy'akahise.
Ivyo bibaye inyuma y'imisi mike asohoye ururirimbo ruhayagiza Trump ko agwanira abanyamerika.