Kwamamaza "ego" canke "oya" vyatanguye mu Burundi

Igikorwa co kwamamaza gutora "ego" canke "oya" kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi rihinyanyuye, catanguye icese uno munsi imigambwe yerekaza mu mihingo itandukanye y'igihugu.

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, uvuga ko uhimiriza abantu gutora "ego" watanguriye mu ntara ya Gitega muri komine Bugendana.

Nayo umukuru w'urunani Amizero y'Abarundi rutavuga rumwe na leta y'u Burundi, Agathon Rwasa, yatanguriye mu ntara ya Ngozi, isanzwe ivukamwo uwo murongozi.

Uwundi mugambwe uri mu yikomeye itavuga rumwe na leta ariwo Sahwanya FRODEBU, wo wavuze ko uzotangura igikorwa co kwamamaza ku munsi w'ejo, nyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru.

Kudafatwa kumwe

Imbere y'uko iki gikorwa gitangura icese, abatavuga rumwe na leta barayagirije kuba yoyo iza irahimiriza abantu gutora "ego" ariko bobo babahamagariye gukora "oya" bagafatwa.

Haranacanacanyeko ku mbuga ngurukanabumenyi ama video y'abo bivugwa ko ari abo mu mugabwe CNDD-FDD, bagabisha ko uwuzohirahira akigisha gutora "oya" azokwibonerako.

Mu ntango z'ino ndwi, umugumyabanga wa CNDD FDD, Melchiade Nzopfabarushe, yakatiwe igipfungo c'imyaka itatu ahamwe n'icaha co gushaka kuryanisha Abarundi.

Aho ni nyuma y'aho habonekeye video imwerekana ariko arahimiriza imvukira zo ku mutumba wa Migera muri komine Kabezi intara ya Bujumbura, ngo zizomerere nabi uwuzokwigisha gutora "oya".

Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha ry'u Burundi azoba itariki 17 z'uku kwezi kwa gatanu.