Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi imigambwe ibandanije kwiyandikisha muri kamarampaka
Urunani rw'abigenga Amizero y'Abarundi hamwe n'umugambwe Sahwanya FRODEBU kuri uno wa kane vyiyandikishije mu mugwi ujejwe gutegura amatora CENI kugira ruronke uburenganzira bwo kuzoja kwiyamamaza.
Agathon Rwasa arongoye urwo runani amenyesha ko bashimye kubikora batyo kugira bisunge amategeko.
Yagize ati: "Dushaka ko nihagera kwiyamamaza tuzobe dufise uburenganzira bukwiye ntihagire uwuzogenda arakebaguzwa canke ngo abundabunde kubera ko ibintu bizoba biriko bikorerwa ku mugaragaro".
Abafatiwe kwigisha "oya"
Ico gikorwa kibaye mu gihe hari abanywanyi b'urwo runani bagiye barahagarikwa bagirizwa kwigisha gutora "oya" mu gihe ikiringo kitaragera.
Rwasa yagize ati: "Ni ibintu bibabaje ko umuntu ashobora gufundikanya ibintu kugira agirire nabi mugenzi we.
"Uvuze ngo naka yigishije gutora 'oya' ariko ntiwerekane abo yigishije canke ivyo yariko arakoresha mu kwigisha, mugabo ukajako ugahondagura ugashira mu munyororo birateye agahinda.
"Nimba hari n'uwokwiyumvira ko azotora 'oya' ni uburenganzira bwiwe, ntakwiye kubizira".
Ariko uwo arongoye urunani Amizero y'Abarundi ntiyashimye gutomora neza ico urwo runani ruzotora.
Rwasa yagize ati: "Harimwo ivyo duhinyura n'ivyo dushima. Umuntu rero azopima arabe ivyohinyurwa, bibaye vyinshi gusumba ivyo umuntu yoshima azomenya uko atora".
Umukuru w'urunani rw'abigenga yari yaherekejwe na Tatien Sibomana aturuka mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'abandi banywanyi.
Ku migambwe 32 yemewe n'amategeko, umugwi CENI wamenyesheje ko hamaze kwiyandikisha imigambwe 21 n'urunani rumwe.
Amatora ya kamarampaka azoba kw'igenekerezo rya 17 rusama (ukwezi kwa gatanu) uyu mwaka.
FRODEBU yaserukiwe na Leonce Ngendakumana
Umugambwe utavuga rumwe na leta, Sahwanya FRODEBU, nawo nyene wiyandikishije uno munsi kugira uzokwiyamamaze muri kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha.
Uwaserukiye uwo mugambwe, bwana Leonce Ngendakumana, yavuze ko ibwirizwa shingiro rishasha ririmwo ibintu bishobora gutera ingorane mu misi iri imbere ariko ntabitomora.
Avuga ko amasezerano ya Arusha yabonetse barushe go none iri bwirizwa shingiro rije gusubiza inyuma Arusha.