Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yagiriza Irani kubesha ku birwanisho vy'ubumara
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko impapuro zerekanywe na Israel zerekana ko Irani " yanyegeje umugambi w'ibirwanisho vy'ubumara"
Mike Pompeo yavuze ko izo mpapuro zerekanywe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu ari iz'ukuri.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko ata kintu gishasha kirimwo, bagashimika ko amakenga ku mugambi w'ibirwanisho vy'ubumara wa Irani ari wo watumye haba amasezersano.
Prezida wa Amerika, Donald Trump, aterekwa ayo masezerano, afise gushika itari 12 z'ukwezi kwa gatanu ngo afate ingingo yo kuyavamwo canke kuyagumamwo.
Ibindi bihugu vya rurtura, harimwo Ubwongereza n'Ubufaransa, bivuga ko Irani yubahirije ayo masezerano, ko rero akwiye kugumaho.