Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihugu ca Iran mu biganiro na EU
Ibihugu bine vya Buraya vyashize umukono ku masezerano y'ibigwanisho ruhanyanganda na Iran biri mu biganiro n'umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu i Bruxelles vyo kuraba ingene ayo masezerano yokingigwa.
Vyitezwe ko Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n'Ubudagi hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, babwira Mohammad Javad Zarif ko bagishigikiye ayo masezerano hanyuma bamuhamagarire kwemera ko amakungu agenzura ishirwa mu ngiro ryayo.
Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe imigenderanire Sigmar Gabriel yavuze ayo masezerano akenewe cane ku neza y'umutekano w'ishirahamwe rya Buraya (EU).
Ivyo biganiro bibaye imbere y'umusi umwe ngo prezida Trump amenyeshe nimba yasubijeho ibihano ku gitoro ca Iran vyari vyavanyweho inyuma y'ayo masezerano.
Zarif kandi ashobora kubazwa ibiraba imyiyerekano y'abiyamiriza reta iherutse kuba muri Iran.