Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu isinzi mu myiyerekano yo gushigikira ubutegetsi muri Iran
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye imyiyerekano yo gushigikira u butegetsi mu gihugu cose muri Iran.
Ibinyamakuru vya reta vyerekana isinzi ry'abantu bari mu myiyerekano mu bisagara bikomeye harimwo Ahvaz, Ilam na Gorgan,; hamwe no mu ntaraza Alborz na Makazi, baririmba ivyivugo bihayagiza ubutegetsi.
Iyo myiyerekano ije ikurikira iyari imaze hafi indwi yiyamiriza ubutegetsi- iya mbere ikomeye kuva habaye iyo mu 2009.
Ibiri ku mbuga ngurukanabumenye vyerekana ko yabandanije ko ku musi wa kabiri mw'ijoro, ariko ku rugero ruto ugereranije n'ayandi majoro abiri aheze.
Abantu barenga mirongo ibiri baramaze gupfira muri iyo myiyamamazo, yatanguye yiyamiriza ubutunzi bwifashe nabi.