Dodoma igisagara gishasha ca Tanzaniya kuva uno munsi

Mu birori vyo kwibuka ubwiyunge bw'igihugu, umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli yategetse ko Dodoma ija ku rutonde rw'ibisagara.
Nk'uko amakuru aturuka mu binyamakuru vyo muri ico gihugu avuga, Dr Magufuli yagize ati : "Nishimikije ububasha mpabwa n'ibwirizwa shingiro rya Repubulika yunze Ubumwe ya Tanzaniya, ndamenyesheje ko Dodoma ibaye kuva ubu igisagara, mu kurindira ibindi bikenewe bijanye n'amategeko".
Dodoma kibaye igisagara ca gatandatu muri Tanzaniya inyuma ya Dar es Salaam, Mwanza, Tanga, Mbeya na Arusha.

Ahavuye isanamu, Tanzania Presidency
Ubwo bwiyunge hagati y'ivyahora vyitwa Tanganyika na Zanzibar bwatangujwe n'uwashikanye igihugu ku ntahe yo kwikukira, Mwalimu Julius Nyerere, ku ruhande rwa Tanganyika, hamwe na Abeid Karume ku ruhande rwa Zanzibar haraheze imyaka 54.
Kuva igihe Repubulika yunze Ubumwe ya Tanzaniya gitanguriye, haracari ibibazo vyinshi bitaratoregwa umuti, bishingiye ku vy'ubutunzi no kuri politike.
Imyiyerekano
Mu gihe abantu benshi bagiye i Dodoma mw'ivyo birori, igisagara ca Dar es Salaam cari gitekanye naho imirimo y'iminsi yose yakozwe.

Abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bari bahamagariye abanyagihugu ba Tanzaniya mu myiyerekano, bavuga ko ari iyo kwiyamiriza ingene umwidegemvyo mu vya politike wagabanutse hamwe n'intwaro y'igikenye.
Ariko abajejwe umutekano benshi cane bari bashizwe henshi mu mabarabara y'uwo muji, kandi abajejwe intwaro bari bagabishije ko uwuhirahira akitaba iyo myiyerekano aca afatwa.










