Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyedini Asaram yahamijwe icaha co gufata abapfasoni ku nguvu
Umunyedini yiyita ko ari mweranda avuga ko afise abayoboke imiliyoni n'imiliyoni hirya no hino kw'isi yahamijwe icaha co gufata ku nguvu.
Sentare yo mu ntara yo mu buraruko ya Jodhpur yahamije icaha Asaram Bapu c'uko yafashe ku nguvu umwana w'umwigeme w'imyaka 16 mu 2013.
Ashobora kwunguruza urwo rubanza muri sentare nkuru.
Uwo mugabo w'imyaka 77 afise afise ibibanza 400 hirya no hino kw'isi aho yigishiriza ukuyaga n'Imana wiherereye hamwe na 'yoga'.
Yumvirijwe kandi mu rundi rubanza rwo gufata ku nguvu mu ntara ya Gujarat.
Abajejwe umutekano barikanuye mu ntara ya Jodhpur kubera abayoboke biwe bashobora kugumuka.
Bitegekanijwe ko sentare itangaza urwo rubanza uyu musi ku mugoroba.
Utsav Bains, aburanira uwakorewe icaha, yabwiye NDTV ko yiteze ko sentare icira Asaram umunyororo wo guherayo.
"Ariko nta kintu na kimwe gishobora kuriha ububabare uwakorewe icaha n'umuryango wiwe baciyemwo," ni ko yavuze.
Ingingo zo gukaza umutekano zafashwe inyuma y'aho abayoboke b'uwundi munyedini Gurmeet Ram Rahim, batereye akajagari inyuma yo guhamwa n'icaha co gufata ku nguvu mu mwaka uheze.
Iyo migumuko yahitanye abantu 23.