Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore wo muri Ohio yarezwe gufata ku nguvu umushoferi w'umugabo
Umugore wo muri leta ya Ohio, araregwa gufata ku nguvu umushoferi wa taxi, imbere yo gusiga amwivye afatanije n'uyundi mugabo.
Brittany Carter, w'imyaka 23, yagirizw ako yakoze ibisa n'imibonano mpuzabitsina ku mugabo w'umushoferi wa taxi w'imyaka 29, ahagarikiwe na Corey Jackson, umugabo w'imyaka 20 yari kumwe na Brittany, afatiye inkota kuri uyo mushoferi.
Igipolisi kivuga ko Brittany na Corey baciye bagenda bivye uwo mushoferi ama dorari 32 imbere yo guhunga, hari mu muji wa Findlay.
Abapolisi bavuga ko batazi impamvu Brittany yakoze ivyo yagirizwa.
Igipolisi kimeneysha ko kumbure kwari ugushaka kumusamaza kuko bashaka kumwiba.
Ivyo ngo Brittany Carter yabikoze amaze guhamagara ikigo ca Trinity Express Cab gitanga imodoka za taxi zunguruza abantu, hari mu masaha ya kare yo kuwa 28 z' ukwa mbere uyu mwaka, nk'uko igipolisi kimenyesha.
Yaciye atabwa muri yompi uwo mushoferi amaze kwitura igipolisi.
Sentare yo mu karere ka Hancock irega Brittany Carter gufata ku nguvu n'ubusuma bukomeye.
Yari yarigeze gukurukiranwa kubera icaha co gutunga ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa heroine
Jackson we n'ubu aracaronderwa n'igipolisi
Yagirizwa icaha c'ubusuma bukomeye no kwifatanya n'uwakoze icaha co gufata ku nguvu, vyose bikomeye.