Cumi baguye mw'itana mu mitwe n'igisirikare ca Isiraheli

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe amagara i Gaza muri Palestine bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abantu cumi abandi bashika amajana barakomereka, mw'itana mu mitwe ku rubibe rwa Isiraheli.
Ibihumbi vy'Abanyepalestine bagize urugendo ku rubibe, mu ntango y'imyigaragamvyo igomba kumara indwi nyinshi, igamije gusaba ko impunzi zotahuka mu ngo zazo ziri muri Isiraheli.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abigaragamvya baza baratera amabuye n'amacupa yaka umuriro, mu gihe abasirikare ba Isiraheli bakoresha amasasu nyayo hamwe n'ivyotsi biryana mu maso, basubiza inyuma abegera ikibanza kizitiwe cane.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'umugwi Hamas, Ismail Haniyeh, yashikirije ijambo abari mu myigaragamvyo, asubira kuvuga ko umugwi wiwe utazokwemera igihugu ca Isiraheli.






