Abanyagihugu ba Misiri mu matora y'umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, EPA
Abanyagihugu ba Misiri batanguye amatora yo gutora umukuru w'igihugu mushasha azomara iminsi itatu, amatora yitezwe gutsindwa na Prezida yarasanzwe ku butegetsi.
Ni bake bafise amakenga ku ntsinzi ya Prezida Prezida Abdul Fattah al-Sisi ku burongozi bw'ikiringo ca kabiri, mu gihe abari gutuma amajwi yiwe agabanuka bayavuyemwo.
Umukandida rudende ni umunyapolitike atazwi cane, Moussa Mostafa Moussa.
Ariko Bwana Moussa azwi kuba ashigikiye Prezida yipfuza ko Bwana Sisi yosubira gutogwa.
Misiri ifise abanyagihugu imiliyoni 95, nico gihugu ca mbere kinini c'abarabu, kikaba gifise uruhara runini muri politike yo mu karere ko mu buseruko bwa hagati muri bino bihe.
Ubwa mbere abakandida indwi nibo bari biyandikishirije ikibanza c'umukuru w'igihugu, ariko benshi muribo barasokora, barimwo umuhinga ku bijanye n'amategeko ashingiye ku gateka ka zina muntu, Khalid Ali hamwe n'uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere, Ahmad Shafiq.
Uwigeze kuba umukuru w'ingabo mu gisirikare ca Misiri, Sami Anan, yapfunzwe mu kwezi kwa mbere amaze kuvuga ko agiye kwitoza.
Niwe yabonwa nk'umuntu w'ijunja yashobora guhangana na Prezida.
Ivyo vyatumye bamwe mu baboneka mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi baheba kuja muri ayo matora, ariko umuvugizi wa Sisi mw'iyamamaza avuga ko ata muntu numwe yabujijwe guhiganwa.
Bwana Sisi ari ku butegetsi kuva mu 2013, igihe arongoye ingabo z'igihugu gukura umuperezida yagendera ku vyiyumviro vya Islamu Mohammed Morsi, inyuma yaho abantu isinzi bamwiyamirije.
Mu nyuma yaratsinze ku majwi menshi cane mu matora yo mu 2014.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abamushigikiye bavuga ko yagarukanye umutekano mu gihugu, cagiye mu ndyane kuva mu 2011.
Misiri imaze kugira abaperezida babiri kuva igihe habereye imigumuko mu bihugu vy'abarabu "Printemps Arabe".










