Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca bombe cahitanye umupolisi mu Misiri
Igitero c'imodoka yatezwemwo bombe mu gisagara ca Alexandrie mu Misiri cahitanye umupolisi, gikomeretsa abandi bantu bane.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, yavuze kw'ico gitero ca bombe cari kigenewe umuyobozi ajejwe umutekano, mu gihe imodoka agendesha yariciye aho muri uwo mwanya.
Ico gitero gishitse hasigaye iminsi ibiri ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu, Prezida w'ubu Abdul Fattah al-Sisi akaba agiye guhangana n'umuntu atazwi cane mu vya politike, Moussa Mostafa Moussa.