Abagavye igitero cataye 300 muri Sinai baracahigwa

Igisirikare ca Misiri catanguye gukizura gikoresheje indege, gikurikirana abarwanyi bibaza ko bo bari inyuma y'igitero cahitanye abantu bagera ku 300 barimwo abana.

Perezida wa Misiri Abdel-Fattah al-Sisi, yaheruka kwiyemeza guhana yihanukiriye abokwagirwa n'igitero cabaye ica mbere mu gutwara abantu benshi ica rimwe muri kahise ka vuba k'ico gihugu.

Abagavye ico gitero babanje gutega igisasu ku musigiti wa Rawdah mu gihe c'amasengesho yo ku munsi wa gatanu, hanyuma baca batangura kurasa abantu bariko barahunga.

Uwo musigiti ukunze gukoreshwa n'abo mu bwoko bw'aba Sawarka, bakunze gufashanya n; igisirikare mu guhiga abarwanya ubutegetsi.

Nta mugwi uremanga ko wagavye ico gitero.