Igitero cishe 12 mu masengero y'abakristu b'aba Coptes mu Misiri

Abantu 12 bapfuye mu bitero bibiri vyibasiye abakristu b'aba Coptes mu karere ka Helwan mu bumanuko bwa Cairo, niko ubutegetsi buvuga.

Cumi bapfuye igihe abantu bafise ibigwanisho bagerageza kugaba igitero mw'isengero ryo mu bumanuko bwa Cairo, munyuma bagateshwa n'igipolisi.

Inyuma y'isaha imwe, umu copte afise iduka muri ako karere nyene yatewe, hapfa abantu babiri.

Abakristu barenga 100 barishwe mu Misiri mu mwaka uheze - ibitero vyinshi bikaba vyemanzwe n'umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" wo muri ako karere.

Abajejwe umutekano bashize amabariyeri mu gisagara kubera ivyo bitero.

Bari bamenyesheje mu ntango z'ino ndwi ko bazokomeza umutekano, mu minsi mikuru y'umwaka mushasha na Noweli.

Igitero ca mbere co ku wa gatanu gisa naho cabaye abapolisi bagenzura isengero biketse abagabo babiri babonye, niko umumenyeshamakuru wa BBC i Cairo, Radwa Gamal yavuze.

Baciye begera abo bagabo, baca batangura kurasa.

Mu bapfuye harimwo abapolisi batatu bari ku kazi kw'isengero rya Mar Mina.

Hari n'amakuru avuga ko abantu benshi boba bakomeretse, babiri muri bo ngo bakaba baremvye.