Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis atwaye ubutumwa bw'amahoro mu Misiri
Papa Francis ari mu rugendo mu gihugu ca Misiri mu ntego yo gukomeza ibiganiro hagati y'abakristu n'aba Islamu, inyuma y'indwi zitatu ziheze abantu 45 biciwe mu masengero y'aba Coptes.
Agishika i Kairo, yavuze ko urugendo rwiwe ari"urugendo rw'ubumwe n'ubuvandimwe", nkuko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryabishikirije.
Ategekanya kubonana n'umukuru w'igihugu ca Misiri, ashikirize n'ijambo ku shule kaminuza al-Azhar, ahigigwa idini rya Islamu ryo mu mugwi w'aba Sunni.
Umugwi wiyise Leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS) niwo wemanze ibitero vyakozwe ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda.
Uwo mwungere w'imyaka 80 yavuze imbere yuko afata urwo rugendo ko agiye "atwaye ubutumwa bw'amahoro" kandi ko atazokoresha imodoka ikinga amasasu.
Urwo rugendo rw'iminsi ibiri ni urwa mbere Papa agize mu Misiri muri ino myaka 20, akongera akaja mu masengero y'abakristu b'aba Coptes bagize 10% mu gihugu kigwiriyemwo aba Islamu.