Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubugeni bw'umukristu n'umu Islamu mu Misiri
Ibitero vyo ku masengero y'aba "coptes" muri ino ndwi mu Misiri, vyerekanye ingene inkehwa z'abakristu babangamiwe ariko ntikibuza ko hari abarengera ayo macakubiri, bakanubakana nko mu bwoko bw'aba Nubi.
Mu bwoko bw'aba Nubi buri mu gace ka Nile yo mu buraruko, abakristu babanye neza n'aba Islamu.
Umumenyeshamakuru wa BBC Nicola Kelly yarakurikiranye ubugeni bw'umu Islamu n'umukristu bwakozwe buriko buragoroba.
Umugabo yamubwiye ati: "Tubaye abantu ba mbere bakoze ubugeni batisunze idini. Biragoye na cane cane ku bavyeyi banje."
Hari haheze imyaka indwi, abo bantu ukwo ari babiri babujijwe kuza barabonana, babitegetswe n'abavyeyi babo.
"Twumvikanye gukora ubukwe mw'ijoro, kugira ngo ntiduteze iceyi imiryango yacu," niko Akram yavuze.