Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Trump yakeje Putin ku ntsinzi yatahukanye
Umukuru w'igihugu ca Amerika, Donald Trump yavugishije mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin amukeza ku ntsinzi yiwe inyuma y'amatora yo mu minsi ibiri irangiye.
Yavuze ko bagiye guhura "muri kazoza ka vuba"ngo bavugane ingene bogabanya ibigwanisho, bavugane kuri Ukraine na Syria.
Bwana Putin yasubiye gutogwa ku majwi arenga 76% vy'amajwi yose, ku kiringo c'imyaka itandatu.
Nta muntu w'ijunja bari bahanganye mu gihe uwukomeye atavuga rumwe n'ubutegetsi, Alexei Navalny yabujijwe kwitoza.
Abahagarariye amatora bo mu muryango w'ibihugu vya Buraya bavuze ko naho amatora yatunganijwe neza, ko abantu batashoboye gutora ukwo biyumva.
Bwana Trump yavuze ko uguhiganwa mu bigwanisho hagati ya Amerika n'Uburusiya ko bitagishobora kugenzugwa, ariko ngo ntibazemera ko hagira umuntu atunga ibigwanisho bishaka kungana n'ivyo bafise".
Igihe amuhamagara, Bwana Trump ntiyigeze avuga ku kibazo cateye uruhagarara hagati y'Uburaya na Moscou - uguha ubumara umusumyi w'urusaku wa kera Sergei Skripal hamwe n'umukobwa wiwe Yulia mu Bwongereza.
Ubwongereza bwegeka ico gitero ku Burusiya, nabwo bugahakana ko ata ruhara bugifisemwo.
Umukenguzamateka John McCain avuga ko umukuru w'igihugu ca Amerika adakwiye gukeza umuntu atwaza igikenye
Umukenguzamateka wa Amerika, John McCain yaneguye Bwana Trump kuri ako kamo ka telefone.
"Umukuru w'igihugu ca Amerika ntatwara isi irangwamwo umwidegemvyo akeza abatwaza igikenye ngo batsinze amatora atariyo. Mu gukora ivyo na Vladimir Putin, Prezida Trump yatutse umurusiya wese yabujijwe uburenganzira bwo gutora mu matora yisanzuye n'ay'ukuri, mu gutunganiriza igihugu kazoza, atuka n'abarusiya bakunda igihugu bihevye mu kuja mu myiyerekano biyamiriza intwaro ya Putin," niko McCain yavuze mw'itangazo yasohoye.
Uwurongoye umuryango w'ibihugu vya Buraya, Jean-Claude Juncker yanditse nawe nyene ikete ryo gukeza indongozi y'Uburusiya ku munsi wa kabiri, asaba ko boguma bafashanya na Kremlin mu gukomeza umutekano.
"Namye mvuga ko imigenderanire myiza hagati y'Uburaya n'Uburusiya ikenewe ku mvo z'umutekano w'umugabane wacu," niko yavuze mw'ikete yacishije kuri Twitter.
Uwurongoye umugambwe "Conservative Party" wo mu Bwongereza uri mu nama nshingamateka ya Buraya, MEP Ashley Fox, yavuze ko ikete rya Bwana Juncker ritey'isoni n'iseseme, mu kuba ritashize ahabona uruhara rw'uburusiya ku gitero cagabwe kuri Bwana Skripal n'umukobwa wiwe.
Uwurongoye leta y'Ubudagi, Angela Merkel ari mu bategetsi ba mbere ba Buraya bakeje n'igishika Bwana Putin ku munsi wa mbere, avuga ko bikwiye ko baguma bavugana ku ngorane z'ibihugu vyabo n'iz'amakungu, mu kugerageza kuzironderera inyishu.
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yipfurije Bwana Putin kuroranigwa mu Burusiya butera buja imbere, ariko asaba Moscou gutanga umuco ku gitero co kurondera kwica umusumyi w'urusaku wa kera mu Bwongereza.