Impanuka yatewe n'imiduga indwi yahitanye batatu muri Kenya

Mu kwezi kwa 12 mu 2017 impanuka y'ikamyo n'ibisi yahitanye abantu 36 muri ako karere nyene

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa 12 mu 2017 impanuka y'ikamyo n'ibisi yahitanye abantu 36 muri ako karere nyene

Impanuka yabaye ku wa Mungu mu gitondo yatumye imodoka indwi zisekana, yahitanye abantu batatu mu karere ka Naivasha ku birometero 100 uvuye ku mugwa mukuru Nairobi.

Umushingamateka wo mu ntara ya Laikipia yari muri iyo mpanuka, umudereva wiwe akaba ari mu bahasize ubuzima.

Amakuru aturuka mu binyamakuru vya Kenya, avuga ko abandi bantu batandatu bakomerekeye muri iyo mpanuka yabereye ahitwa Marula ku wa Mungu mu gitondo.

Ibarabara rya Nairobi-Nakuru rikunze kubamwo impanuka nyinshi z'imodoka, mu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze, iyindi mpanuka ikaba yahitanye abantu barenga 30.

Ino mpanuka ibaye haheze iminsi igipolisi ca Kenya gisavye abagendesha imodoka kurikanura na cane cane muri kino gihe c'imvura, bitewe nuko abagendesha imiduga bataba bakibona kure.