Kenya: Impanuka y'imodoka yahitanye 30

Ahavuye isanamu, AFP
Ubutegetsi bwa Kenya bwavuze ko abantu hafi 40 bapfuye mu mpanuka y'imodoka zibiri zasekanye zirabana.
Iyo mpanuka yatewe n'ibisi n'ikamyo zasekanye zirabana, yabaye mu mutwenzi ku munsi wa Mungu mu karere ko mu burengero bwa Kenya.
Abarenga 30 baciye bapfa, abandi bacikana bariko baravugwa mu gihe bivugwa ko hari benshi bakomeretse bagaca bajanwa kuvugwa ku bitaro biri muri ako karere.
Amabarabara ya Kenya akunze kubamwo amasanganya, impanuka nka mweniyo ikaba yarabaye ku birometero bitatu hafi yaho nyene ihitana abantu 20 muri uku kwezi kwa 12.






