Impanuka yo mw'ibarabara muri Kenya yahitanye abantu 33

Ahavuye isanamu, EPA
Igipolisi ca Kenya kivuga ko abantu mirongo itatu na babatu bapfuye igihe umuduga utwara ibitoro wagira impanuka kw'ibarabara rikuru ugaca uturika.
Abajejwe intwaro bavuga ko uwo muduga wataye ibarabara ushitse ahantu hari akamanuko kw'ibarabara riri hagati y'umurwa mukuru Nairobi hamwe na Naivasha.
Uwo muduga wakase uja mu ruhanda rw'imiduga izanana aho uvuye, bituma imiduga ishika cumi n'umwe igongana.
Umwe muri iyo miduga yari bisi irimwo ingenzi cumi na zine.
Ababibonye bavuga ko urubera runini rwaciye rwahuka iyo miduga, abayirimwo babura aho baca.






