Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abapolisi batanu baguye mu gitero ca Al Shabaab muri Kenya
Abapolisi batanu bishwe abandi batatu barakomereka mu gitero vyiketswe ko cagabwe n'abarwanyi ba Al Shabaab mu ntara ya Mandera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.
Ubutegetsi buvuga ko ico gitero cagabwe mw'ijoro, cibasira ikambi zibiri z'igipolisi ziri muri ako karere.
Icegera c'uwurongoye intara, Eric Oronyi, yavuze ko abateye bashika 70 bari bitwaje inkoho.
Babanje basambura igikoresho gifasha mw'itumanako, munyuma batera ayo makambi.
Bwana Oromyi yavuze ko uburaro bwinshi bwo muri izo kambi bwaturiwe.
Al Shabaab iramaze kwemanga urupfu rw'abantu mirongo, biciwe i Mandera mu mwaka uheze.
Abo bagwanyi bamaze igihe bahama abapolisi n'imiduga itwaye abasivile, bagatera mu mazu hamwe no mu bibanza vy'ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro, aho bica abantu benshi.
Mandera isangiye urubibe na Somalia, ico gisagara kikaba gikunze gutegwa na Al Shabaab.