Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibigwati vy'aba Rohingya "vyarazimanganijwe" i Myanmar
Ikigo giharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, cavuze ko leta ya Myanmar iriko irakoresha ibiduga bibomora, mu kuzimanganya ibigwati vy'aba Rohingya vyaheruka guturigwa.
Amasanamu atangwa na Satellite yerekana ibintu vyose biri hasi, ibiti vyaranduwe gushika ku mizi.
Ico kigo kivuga ko ivyo bizotuma aba Islamu b'aba Rohingya bahungiye muri Bangladesh bari mu bihumbi amajana, bagira ingorane igihe bazoba bariko barishuza inzu zabo.
Imbere yaho, ubutegetsi bwa Burma bwari bwavuze ko isi ikwiye kuringanizwa imbere yuko bwubaka inzu nshasha.
Nta muntu numwe mu bahunze aragaruka.