Abigeme 50 baburiwe irengero kw'ishuli muri Nigeria

Umusirikare wa Nigeria arize umutekano ku ruzi Yobe, mu gihe impunzi zihunguka mu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivyabaye vyagereranijwe n'igihe Boko Haram, ihanganye n'igisirikare ca Nigeria, yanyuruza abana 2076 i Chibok

Ubutegetsi bwo mu ntara ya Yobe muri Nigeria bwemeje ko abigeme 50 bo kw'ishuli ryisumbuye babuzwe irengero inyuma y'igitero c'abagwanyi mu gisagara ca Dapchi ku munsi wa mbere.

Bamaze kwumva urwamo rw'amasasu n'ibiturika, abanyeshuli benshi n'abigisha baciye bahunga, baja kwinyegeza mw'ishamba ryegereye ishuli, igihe abo bagwanyi bagira bashike kw'ishuli.

Ubutegetsi buvuga ko hari abigeme baharugwa mu mirongo babuzwe irengero.

Ikarata ya Nigeria yerekana intara ya Yobe
Insiguro y'isanamu, Ikarata ya Nigeria yerekana intara ya Yobe

Ico gitero catumye abantu batangura kugereranya n'igihe abakobwa 276 banyuruzwa ahitwa Chibok mu 2014 n'abagwanyi b'umugwi Boko Haram.

Abarenga 100 muri abo bakobwa banyururijwe Chibok, baracari mu minwe ya Boko Haram.