Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impunzi z'Abanyekongo mu Rwanda zisaba gusubizwa iwazo
Impunzi z'Abanyekongo zirenga ibihumbi 17 ziri mu nkambi ya Kiziba zivuga ko leta y'u Rwanda izibwiriza kujya muri gahunda y'igihugu kandi atari Abanyarwanda.
Mu rwandiko ubuyobozi bw'izo mpunzi buherutse kugeza kuri leta y'u Rwanda na HCR, buravuga ko bufite ikibazo cy'ibiribwa byagabanutse cyane na gahunda za leta y'u Rwanda zibangamira inyungu zazo.
Izo mpunzi zirasaba ko zasubizwa muri Kongo cyangwa zigashakirwa ikindi gihugu cyazakira.
Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango mu mpera z'icyumweru gishize, umuyobozi w'izo mpunzi, Louis Mbangutse Maombi, yavuze ko leta y'u Rwanda yotsa igitutu abayobozi b'izo mpunzi.
Ibyo ngo nukugirango bakurikize gahunda za leta kandi atari Abanyarwanda.
Mugenzi wacu Prudent Nsengiyumva yatangiye amubaza ukuntu leta ibabangamira.
Umviriza ikiganiro:
BBC iracyagerageza kumenya icyo leta y'u Rwanda ivuga kuri ibi izi mpunzi zivuga, ariko ntibiradukundira.