Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero cahitanye abacuruzi 18 mu ntara ya Zamfara muri Nigeria
Niburiburi abantu 18 bishwe mu gitero cagabwe mu ntara ya Zamfara mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria igihe abagabo bafise inkoho bagabiye igitero ku modoka yuzuye abacuruzi igiye kw'isoko yo muri ako karere.
Ababonye ico gitero bavuga ko abo bagabo baje ku mapikipiki, baca izosi umushoferi munyuma bugururira umuriro ku bantu bari muri iyo modoka, imbere yuko bayiturira.
Igipolisi co muri Nigeria cemeza kw'iryo bara ryakozwe n'abasuma b'inka, bari baje bahiga umuryango uheruka gushinga umugwi ujejwe gukingira ibitungwa vyabo ngo ntivyibwe.
Mu ndwi iheze, abantu barenga 40 barishwe mu bitero nka mwenivyo muri iyo ntara ya Zamfara.