Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yagavye ibitero yihora ivy'igisirikare ca Syria
Umutegetsi w'Umunyamerika yavuze ko urunani rw'igisirikare rurongowe na Amerika rwagavye ibitero vyo hasi no mu kirere muri Syria, vyica abagwanyi bashika ijana bakorana n'ubutegetsi bwa Syria.
Urwo runani ruvuga ko abagwanyi bakorana na Syria bafise ibigwanisho bikomeye cane, bateye ibiro bikuru vyo mu ntara ya Deir el-Zour aho abajenama ba Amerika bari.
Televiziyo ya Syria yavuze ko igitero co kwihora cakozwe ku bagwanyi ba Syria, ari agasomborotso kerekana ugushigikira imigwi y'iterabwoba, avuga ko abagwanyi mirongo bapfuye abandi barakomereka.
Abakurikiranira hafi ingwano yo muri Syria bavuze ko ivyabaye bigaragaza ingorane zishobora kuva muriyo ngwano iri hagati y'imigwi myinshi ifise inteko ku butaka (igizwe na Amerika, Turukiya, Syria, Uburusiya na Irani) muri kino gihe umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" waneshejwe.