Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Habonetse ikete ritaza kugwa neza Papa Francis i Vatikano
Habonetse ikete ry'uwuvuga ko yahohotewe mu gushurashuzwa n'umupatiri muri Chili, rihushanye n'ivyavuzwe na Papa Francis yuko atawahohotewe yigeze agira ico avuga.
Iryo kete ryabonywe n'ibiro ntaramakuru, Associated Press, bivugwa ko ryarungikiwe Papa Francis mu 2015, ridondagura ukuntu uwo muntu yahohotewe hamwe n'ukuntu ishengero Gatolika muri Chili ryagerageje kubihisha.
Abagize umugwi washizweko kugira ushikirize Papa ibijanye n'ayo mahano bavuga ko barungitse intumwa ngo zitange iryo kete i Vatikano.
Papa yatumye haba imyiyerekano mu kwezi guheze igihe yagendera Chili, aho yagiriza abahohotewe n'umupatiri kuba ari ababeshi, avuga ko ata kimenyetso na kimwe cagiriza Musenyeri Juan Barros kuba yarakingiye ikibaba umugizi wa nabi.
Gushika ubu Vatikano ntaco iravuga ku vyerekeye iri kete.