Facebook iregwa kudakingira amabanga y'abayikoresha

Sentare yabwiye Bwana Schrems ko adakwiye kuburana avugira umugwi w'abantu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sentare yabwiye Bwana Schrems ko adakwiye kuburana avugira umugwi w'abantu

Umunya Autriche, Max Schrems, yagiriza Facebook kudakingira amabanga y'abayikoresha bo ku mugabane wa Buraya, ariko sentare yo mu muryango wa Buraya ikaba yatereye kure urwo rubanza ivuga ko Bwana Schrems adakwiye kuburana yitwaza umugwi w'abantu.

Max Schrems avuga ko Facebook yahonyanze itabirekuriwe n'amategeko agateka ko kugumiza mw'ibanga amakuru yerekeye abayikoresha bari ku mugabane wa Buraya.

Facebook irahakana ivyo birego, ikavuga ko yamye yisunga amategeko ya Buraya agenga ugukingira amakuru.

Umuvugizi wa facebook yavuze kw'ingene urubanza rwaciwe bishigikira ingingo sentare yafashe ubwa mbere, kw'ibirego vya Bwana Schrems bidashobora guhagararira umugwi w'abakoresha facebook.

Bwana Schrems yavuze ko urwo rubanza ari "akaga gakomeye" kuri facebook mu gihe urubanza yashingishije ar'umwe kuriryo shirahamwe rushobora kubandanya.

Avuga ko Facebook izotegerezwa gusigura "niba ubwo buryo bw'ubudandaji" bujanye n'amategeko ntabanduka ya Buraya kuvyo kugumiza mw'ibanga amakuru yerekeye ubuzima bw'umuntu.