Brezil irarindiriye urubanza sentare icira Lula

Former Brazilian President Luiz Inacio Lula da Silva speaks to a crowd of 70,000 in the centre of Porto Alegre, Brazil

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Luiz Inacio Lula da Silva ari ku musitari wa mbere mu bitoreza ikibanza ca prezida mu matora yo muri 2018.

Mu kanya abacamanza batatu barafata ingingo nimba bagumizaho igipfungo cahawe uwahoze ari prezida wa Brezil Luiz Inacio Lula da Silva.

Urwo rubanza ni ho hahagaze kaziza ka politike ya Brezil.

N'aho yahamijwe icaha co kurya igiturire no kunyuruza amahera ya reta mu kwezi kw'indwi mu 2017, Lula yizeye gusubira gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe itariki 7 z'ukwezi kwa cumi.

Yarahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa, avuga ko ari ivyo gushaka kumubuza kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Ni uguhitamwo kuguma mw'ibohero canke kuba prezida?

Ntibica biba ubwo nyene.

Lula w'imyaka 72, yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka icenda n'igice, kandi mu ghe abacamanza batohindura urwo yaciriwe ntazoca ashoka ajanwa mw'ibohero.

Supporters of former Brazilian President Luiz Inacio Lula da Silva attend a rally in support of Lula da Silva candidacy to the 2018 presidential race, in Porto Alegre, Brazil January 23, 2018

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu rishigikiye Lula mu gisagara ca Porto Alegre

Yagumye yidegemvya mu gihe urubanza yunguruje ruriko rurigwa, kandi akaba ashobora kwunguruza no mu zindi sentare zo hejuru.

Mu gihe reroata cohinduka ku rubanza yaciriwe, bishobora kuburizamwo icizere ciwe co gusubirakwitoza, ibishobora gushavuza benshi mu bamushigikiye.