Syria: Ingabo za reta n'Uburusiya bagize ibitero ku bitaro

Mu kwezi kwa kabiri mu mwaka wa 2017, umurwi ukurikirana ibibera muri Siriya wavuze ko habaye niburiburi ibitero cumi vy'indege mu bibanza bitandukanye vya Idlib

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa kabiri mu mwaka wa 2017, umurwi ukurikirana ibibera muri Siriya wavuze ko habaye niburiburi ibitero cumi vy'indege mu bibanza bitandukanye vya Idlib

Abakozi batanga imfashanyo muri Syria bavuga ko muri iyi misi cumi iheze habaye ibitero cumi vy'indege bitumberejwe ku bitaro mu turere twigaruriwe n'abagwanyi.

Umuhanuzi w'urunani rw'amashirahamwe atanga imfashanyo, Hamish de Bretton-Gordon yabwiye BBC ko indege za reta ya Syria hamwe n'Uburusiya zakoze ibitero bikurikirana birusha ibindi muri uyu mwaka.

Yavuze ko ibitaro vyatewe hose mu burengero i Ghouta, akarere kegereye Damasa hamwe no mu ntara iri mu buraruko ya Idlib.

De Bretton-Gordon yavuze ko abana barenga ijana na mirongo ibiri na batanu bo mu buseruko bwa Ghouta bakeneye kwimurigwa ahandi kugira bashobore kubagwa.