Nigeria: Igitero c'umwihevyi ku musigiti cahitanye 10

Ahavuye isanamu, AFP
Niburiburi abantu cumi bapfuye mu gitero c'umwihevyi cagabwe ku musigiti mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko muri Nigeria.
Abariko barasenga bavuga ko uwo mwihevyi yinjiye mu musigiti nk'uwuje mu bisabisho, munyuma arituritsa igihe c'ibisabisho vyo mu mutwenzi.
Abantu benshi bakomeretse inyuma yaho ivyo bisasu biturikiye mu gisagara ca Gamboru ku mupaka wa Cameroun.
Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Boko Haram niwo ukorera murako karere.
Ku munsi wa kabiri, indongozi ya Boko Haram, Abubakar Shekau, yasohoye amashusho ya video yiyamiriza amajambo y'ubutegetsi bwa Nigeria avuga kuwo mugwi waneshejwe.






