Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sudani y'epfo: Amasezerano yo guhagarika intambara yagiye mu bikorwa
Impande zihanganye muri Sudani y'epfo zashize mu bikorwa amasezerano yo guhagarika intambara isaha zitandatu z'ijoro kw'isaha yo muri ico gihugu.
Ni akandi karyo kabonetse ko kurangiza iyo ntambara imaze imyaka ine ibica bigacika muri ico gihugu.
Onu ivuga ko ari akaryo ka nyuma ko kugarukana amahoro muri Sudani y'epfo.
Ayandi masezerano yagiye arashirwako umukono hagati ya prezida Salva Kiir n'uwo batavuga rumwe Riek Machar nta co yavuyemwo.
Abantu barenga umuliyoni bo muri Sudani y'epfo barahungiye mu bihugu bibanyi, kandi abatanga imfashanyo baragabisha ko imfungurwa zigiye kugabanuka.